Ivy’abagabo n’abagore inyuma y’izuka
23 Uwo musi nyene, Abasadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho ari, baramubaza bati: 24 "Mwigisha, Mose yavuze ko umugabo apfuye adasize abana, uwo bavukana ategerezwa kurongora umupfakazi wiwe kugira ngo aronkere uruvyaro uwo yapfuye. 25 Rero, harigeze kuba hagati muri twebwe abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye; maze murumunawe arongora uwo mupfakazi. 26 Uwa kabiri na we nyene apfa atavyaye, n’uwugira gatatu bigenda gutyo kugeza ku wugira indwi. 27 Mu nyuma na wa mugore arapfa. 28 None ku musi w’izuka, uwo mugore azoba uwa nde ko bose babaye abagabo biwe?"
29 Yesu arabishura ati: "Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana. 30 Ku musi w’izuka abantu ntibazorongora canke ngo barongorwe, bazoba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru. 31 Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega nta ho murasoma mu Vyanditswe ingene Imana yavuze iti: 32 ‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo’?22:32 Kuvayo 3:6 Erega si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima."
33 Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.