Yesu asengera i Getsemane
36 Hanyuma Yesu ajana n’abigishwa biwe ahantu hitwa Getsemane, arababwira ati: "Nimube muricaye ngaha nje harya gusenga." 37 Ahitana Petero na bene Zebedayo, hanyuma atangura kugira umubabaro mwinshi n’agahinda. 38 Arababwira ati: "Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje."
39 Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: "Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba."
40 Hanyuma agaruka aho abigishwa biwe bari asanga basinziriye. Abaza Petero ati: "Ntimushobora kubana maso nanje n’isaha n’imwe? 41 Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke."
42 Asubirayo ubugira kabiri arasenga ati: "Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe."
43 Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro. 44 Maze yongera kubasiga ngaho asubira gusenga ubugira gatatu, avuga amajambo nk’amwe ya mbere.
45 Agarutse aho abigishwa biwe bari, ababwira ati: "Mbega muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha. 46 Nimuvyuke tugende. Nguwo uwangurishije arashitse!"