Pular para o conteúdo
Publicidade

Mateus 3

Yohana Umubatizi ategurira Yesu inzira

1 Muri iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya, 2 avuga ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi." 3 Uwo Yohana ni we yari yaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, igihe yavuga ati:

"Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati:

Nimutegurire Uhoraho aho aca,

mugorore inzira agenderamwo.3:3 Yesaya 40:3"

4 Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. 5 Abantu bava i Yerusalemu, i Yudaya no mu karere k’uruzi Yorodani, bakaja iyo ari. 6 Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza muri Yorodani.

Veja também