Abizera ni umunyu n’umuco
13 Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawuhonyanga.
14 Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa.