Ntimukiganyire
25 Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya kandi umubiri nturuta cane ivyambarwa? 26 Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane? 27 Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?
28 Ni kuki mwiganyira kubera ivyo mwambara? Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu. 29 Ariko ndababwira ko na Salomo ubwiwe, mu cubahiro ciwe cose, atigeze ashaza nka rimwe muri yo. 30 Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke? 31 Ni co gituma mudakwiye kwiganyira; muvuga muti: ‘Mbega tuzorya iki? Tuzonywa iki? Tuzokwambara iki?’ 32 Ivyo ni vyo abatizera Imana birukira ubudasiba; ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye. 33 Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera. 34 Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo.