Yesu azura umwana, akiza n’umugore agwaye
18 Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi9:18 isinagogi yari inyubakwa canke ikibanza co gusengeramwo, kwigishirizamwo, n’ibindi. apfukama imbere yiwe amubwira ati: "Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira kuba muzima." 19 Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.
20 Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. 21 Kuko yari yiyumviriye ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira."
22 Yesu arahindukira, amubonye amubwira ati: "Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije." Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.
23 Yesu ashitse mu nzu kwa wa mukuru w’isinagogi, abona abantu bavuza imyironge yo gucura intimba n’abandi benshi bakoma induru. 24 Arababwira, ati: "Nimusohoke. Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." Ariko, abo bantu baramutwenga. 25 Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka. 26 Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.