Pular para o conteúdo
Publicidade

Matayo 12

Nyina na bene nyina ba Yesu

46 Yesu akiriko aravugana n’abantu benshi bari ngaho, nyina na bene nyina baraza bahagarara hanze, bashaka kuvugana na we. 47 Umuntu umwe araza aramubwira ati: "Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bashaka kuvugana nawe."

48 Yesu na we amwishura ati: "Mbega mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?" 49 Nuko atunga urutoke abigishwa biwe, avuga ati: "Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama. 50 Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba wese ni we mwene mama, kandi ni we mama."

Veja também