Iyo habaye amatati mw’ishengero
15 Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So. 16 Ariko, niyanka kukwumviriza, urondere abandi bene So, ari umwe canke babiri, kugira ngo ukore nk’uko ivyagezwe biri, aho bivuga ngo: ‘urubanza rwose ruze rucibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.’18:16 Gusubiramwo 19:15 17 Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba.
18 Ndababwire ukuri, ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru.
19 Kandi, ndababwira ukuri ko babiri muri mwebwe nibahuriza inama kw’isi gusaba ikintu ico ari co cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. 20 Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo."