15 Ariko, abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: "Hozana mwana wa Dawidi!" Baca barashavura cane.
16 Babaza Yesu bati: "Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?"21:16 Zaburi 8:2
Na we abishura ati: "Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo:
‘Mu kanwa k’abana bato n’inzoya,
wahironkeye amashimwe’?"