Publicidade

Mateus 25

35 Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro, 36 nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.

37 Maze abagororotsi bazomwishura bati: Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa? 38 Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika? 39 Twakubonye ryari ugwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?

40 Umwami azobishura ati: Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-