3 Yuda yamugurishije abonye ko baciriye Yesu urubanza rwo gupfa, aca aricuza, hanyuma afata vya biceri vy’ifeza mirongo itatu, abishira abaherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru, 4 ababwira ati: "Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha."
Baramwishura bati: "Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!"
5 Yuda aca aterera ayo mahera mu rusengero, arasohoka aja kwiyahura.