Pular para o conteúdo
Publicidade

Mateus 5

Gukunda abansi

43 Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: Ukunde mugenzawe ariko wanke umwansi wawe. 5:43 Abalewi 19:18 44 Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi, 45 kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse. 46 Nimwakunda ababakunda gusa, n’igiki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza? 47 Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo? 48 Nuko rero nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!

Veja também