Yesu ategeka igihuhusi kikamwumvira
23 Ivyo biheze, Yesu aca aja mu bwato, kandi abigishwa biwe bajana na we. 24 Ubwo nyene haza umuyaga w’igihuhusi mu kiyaga, ku buryo imipfunda yaza irisuka mu bwato; ariko Yesu yari asinziriye. 25 Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: "Mwami dukize, turapfuye!"
26 Yesu arabishura ati: "Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?" Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haba agahwekere.
27 Maze bose baratangara, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?"