Pular para o conteúdo
Publicidade

Mateus 8

Ukwizera kw’umusoda mukuru w’Umuroma

5 Yesu ashitse i Kaperinawumu, intwazangabo mu basoda b’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe. 6 Amubwira ati: "Mwami, umukozi wanje aryamye i muhira, ntiyikoma kandi arababaye cane."

7 Yesu aramwishura ati: "Ndaje kumukiza."

8 Ariko, uwo musoda nawe aca amwishura ati: "Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira. 9 Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: Genda,aca agenda; nabwira uwundi nti: Ngwino,agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: Kora iki,aca agikora."

10 Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku. 11 Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, na Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru; 12 mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze mu mwijima, aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo."

13 Hanyuma Yesu aca abwira wa musoda mukuru ati: "Genda bikubere uko nyene uvyizeye." Ako kanya nyene wa mukozi wiwe aca arakira.

Veja também