2 Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye bamureruye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo amugaye ati: "Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe."
3 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe baravugana bati: "Uwo mugabo atutse Imana!"
4 Yesu amenye ivyo vyiyumviro vyabo, aca ababwira ati: "Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu? 5 Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’? 6 Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire." 7 Uwo muntu aca arahaguruka arataha.