2 Ico kinyamaaswa naboonye caari gisa n’ingwe, amajanja yaaco asa n’ay’idubu, naho urwasaya rwaco ari nk’urw’intare. Nuuko ca kiyoka giha ico kinyamaaswa ububaasha bwaco, intebe yaaco y’ubwami n’ubutegetsi bukomeye.
6 Gitangira gutuka Imaana, gituka izina ryayo n’aho ituuye, n’abo boose batuuye mu ijuru. 7 Ceemerewe kurwanya abantu b’Imaana no kubatsinda, gihaabwa n’ububaasha ku mooko yoose n’abantu boose n’indimi zoose n’amahanga yoose.