4 Hariho umugore yitwa Debora, umugore wa Lapidoti, yari umuvugishwa kandi ni we yari umucamanza w’Abisirayeli ico gihe. 5 Yacira imanza musi y’ikigazi ca Debora hagati ya Rama na Beteli mu karere k’imisozi ya Efurayimu, Abisirayeli bakama baza aho ari ngo abatunganirize iyo bafise amatati.