Yesu Avuma Igiti Ciitwa Umutiini
12 Bukeeye bwaho, bavuuye i Beetaniya, Yesu yari ashonje. 13 Akiri kure areeba igiti gishishe ciitwa umutiini, araceegeera kureeba ko haagira ico yaabonamo. Akigezeho, asanga ari amababi yoonyine, kuko kitaari igihe caaco co kwera imbuto. 14 Yesu avuma ico giti avuga ati, "Nta muntu uziigera kukuryaho imbuto ukundi!" Abiigiishwa be bumva abivuga.