22 Umukoobwa wa Herodiyaasi araaza arabyina, ashiimiisha Herodi n’abo yari yaatumiye, nuuko umwami abwira uwo mukoobwa ati, "Nsaba ico ushaaka coose, ndakiguha." 23 Aramurahira ati, "Ico uri bunsabe coose ndakiguha n’ubwo caaba kimwe ca kabiri c’igihugu canje."
24 Umukoobwa arasohoka abaza nyina ati, "Nsabe iki?"
Aramusubiza ati, "Saba igihanga ca Yohaana Umubatiza."
25 Ako kaanya agaruka aho umwami ari yiihuuta, aramusaba ati, "Nshaaka ngo umpe noone aha igihanga ca Yohaana Umubatiza ku mbeehe."
26 Umwami arababara caane, ariko ku bw’indahiro yari yarahiriye imbere y’abashitsi, atiinya guhemuka. 27 Ako kaanya umwami yoohereza umusirikare, amutegeka ko azana igihanga ca Yohaana. Aragenda amusanga mu gihome amuca umutwe, 28 awuuzana ku mbeehe, maze awuha uwo mukoobwa, na we awuheereza nyina.