Pular para o conteúdo
Publicidade

2 Reis 4

32 Elisa ashitse muri iyo nzu, asanga umuvyimba wa wa mwana uryamye ku buriri bwiwe. 33 Aca arinjira, ariyugarana, hanyuma asenga Uhoraho. 34 Aca yurira ku buriri, yubarara kuri wa mwana, umunwa wiwe uja ku munwa w’uwo mwana, amaso yiwe aja ku maso y’uwo mwana, ibiganza vyiwe na vyo bifatana n’ivyuwo mwana. Akimwubarayeko, umubiri w’umwana utangura gususuruka. 35 Elisa aca arahaguruka, agendagenda muri ico cumba akanya gatoya, hanyuma asubira ku buriri yongera kumwubararako. Wa mwana aca yasamura incuro indwi, hanyuma aca arakanura.

Veja também