Pular para o conteúdo
Publicidade

YOHAANA 15

Yesu ni Umuzaabibu w’Ukuri

1 "Ndi umuzaabibu w’ukuri, naho Daata akaba umuhinzi. 2 Ishami ryose ryo muri nje riteera imbuto arikuuraho. Ishami ryose ryera imbuto araryicira15:2 Mu rurimi rw’urugiriki, kimenyeesha kwicira no kwezwa kugira ngo rirusheho kwera izindi mbuto. 3 Mwebwe mwejejwe n’ijambo nababwiye. 4 Mugume muri nje, nk’uko nanje nguma muri mwe. Nk’uko ishami ridashobora kwera imbuto ku bwaryo ritari ku muzaabibu, namwe ni ko mutaashobora kwera imbuto mutagumye muri nje.

5 Nje ndi umuzaabibu, kandi mwe muri amashami. Uguma muri nje, nanje nkaguma muri we, yeera imbuto nyinshi, kuko tutari kumwe nta co mwashobora gukora. 6 Utaguma muri nje, ajugunywa nk’ishami maze akuumagatana. Amashami ameze atyo barayakungaanya, bakayajugunya mu muriro, agasha. 7 Nimuguma muri nje, n’amagambo yanje akaguma muri mwe, musabe ico mushaaka coose, muzaagihaabwa. 8 Igiheesha Daata icuubahiro ni uko mwakwera imbuto nyinshi kandi mukaba abiigiishwa banje.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também