Ubwenge bwa Salomo
29 Imana iha Salomo ubwenge bwinshi n’ugutahura bitagira urugero, bingana no kw’isesero ry’umusenyi wo ku kiyaga. 30 Ubwenge bwa Salomo bwasumba ubw’abandi bantu bose bo mu buseruko, ndetse n’ubw’Abanyegiputa bose. 31 Yari umunyabwenge gusumvya abantu bose, harimwo na Etani Umuzirahi. Yarasumvya na Hemani, Karukoli na Daruda bene Maholi, kandi agira ukumenyekana cane mu mahanga yari amukikuje. 32 Yaciye imigani ibihumbi bitatu, yandika n’indirimbo igihumbi na zitanu.