1 Nuko umwami Salomo aca atumako abakuru b’Abisirayeli, abatware b’imiryango bose n’abaserukira amazu y’Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu kugira ngo bazane Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho, bayikure aho yari iri i Siyoni mu Gisagara ca Dawidi, bayijane mu kibanza gishasha kiri muri iyo Ngoro. 2 Abisirayeli bose bakoranira imbere y’umwami Salomo ku musi mukuru w’insago, hari mu kwezi kw’indwi ari kwo Etanimu.
3 Abakuru bose b’Abisirayeli bamaze gushika, abaherezi baterura ya sandugu barayidugana, 4 badugana Isandugu y’Uhoraho n’Ihema ry’Ibonaniro, badugana n’ibikoresho vyose vyakoreshwa muri ryo. 5 Umwami Salomo n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bakoraniye hamwe na we bari imbere y’iyo sandugu, batanga ibimazi vyinshi vy’intama n’inka bitashoboye kwandikwa canke ngo biharurwe.
6 Abo baherezi baca bajana iyo Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho aho yateguriwe mu gice c’imbere mu Ngoro, ari ho hitwa Ahera Cane, baca bayishira musi y’amababa ya ba bakerubi. 7 Abo bakerubi bari bashanje amababa hejuru y’aho iyo sandugu yari iri, agapfuka isandugu hamwe n’imyamba bayireruza. 8 Iyo myamba yari miremire ku buryo umuntu ari Ahera yashobora kubona aho igarukira. Ariko umuntu atarashika Ahera, ntivyashoboka ko ayibona; kandi iracariho gushika n’uwu musi. 9 Nta kindi kintu cari muri iyo sandugu kiretse vya bisate vy’amabuye Mose yashiramwo ari i Horebu, aho Uhoraho yagiraniye isezerano n’Abisirayeli bamaze kuva muri Egiputa.
10 Abaherezi bamaze gusohoka bakava muri ico cumba c’Ahera, igicu cakaka kiraza cuzura mu Ngoro y’Uhoraho. 11 Abaherezi ntibaba bagishobora gukora igikorwa cabo kubera ico gicu, kuko ubwiza bw’Uhoraho bwari bwuzuye Ingoro y’Uhoraho.