Elisa agwiza amavuta ya Elayo
1 Umusi umwe, umugore w’umwe mu bavugishwa n’Imana yaje aho Elisa ari, aramutakambira ati: "Umugabo wanje ari we musavyi wawe yarapfuye, kandi urazi ko yari umuntu yubaha Uhoraho. None umuntu dufitiye umwenda aje gutwara abahungu banje ngo abagire abagurano biwe."
2 Elisa aramubwira ati: "None nokora iki kugira ngo ndagufashe? Hari ico ufise mu nzu yawe?"
Na we amwishura ati: "Jewe umusavyikazi wawe nta co mfise uretse agacupa k’utuvuta twa elayo."
3 Elisa amubwira ati: "Genda mu babanyi bawe utire ibivomesho, kandi ntutire bike. 4 Hanyuma uheze uvyinjirane mu nzu, mwiyugarane n’abahungu bawe. Maze usuke ayo mavuta muri ivyo bivomesho, icuzuye cose mugishire ku ruhande."
5 Nuko uwo mugore amusiga aho aragenda, abigira nk’uko yabimubwiye. Abahungu biwe bamuzanira vya bivomesho, na we abisukamwo ya mavuta, kimwekimwe ku kindi. 6 Vya bivomesho vyose vyuzuye, wa mugore abwira umwe mu bahungu biwe ati: "Nzanira ikindi."
Na we amwishura ati: "Nta na kimwe gisigaye." Ubwo nyene ya mavuta ntiyasubira kwisuka.
7 Wa mugore aca aja kubwira wa muntu w’Imana uko vyagenze, na we amubarira ati: "Genda ugurishe ayo mavuta hanyuma wishure umwenda wawe; amahera asigaye azoheza agutunge wewe n’abahungu bawe."