Namani akira imibembe
1 Hariho umugabo yitwa Namani, yari umukuru ahambaye w’ingabo z’umwami w’i Siriya. Yari afise icubahiro cinshi imbere y’umwami, Uhoraho ni we yacishako intsinzi ya Siriya. Yari umusoda akomeye cane, ariko yari agwaye imibembe.
2 Abasoda ba Siriya bari barigeze gutera Isirayeli, hanyuma mu bantu bagize inyagano harimwo umukobwa w’Umwisirayelikazi, aca aba incoreke ya muka Namani. 3 Uwo mukobwa abwira inabuja ati: "Hamwe databuja yoja kuraba umuvugishwa n’Imana aba i Samariya, yomukiza irya mibembe."
4 Namani aja kuraba shebuja amubwira ivyo uwo mukobwa w’Umwisirayelikazi yamubwiye. 5 Umwami w’i Siriya amwishura ati: "Ni vyiza itegure, nanje nzorungikira ikete umwami wa Isirayeli." Nuko agenda ajanye italanto icumi5:5 Ni nk’ibilo 340. z’ifeza, shekeli ibihumbi bitandatu5:5 Ni nk’ibilo 69. z’inzahabu, n’imyambaro cumi y’impuzu. 6 Ikete yashiriye umwami wa Isirayeli ryarimwo ubu butumwa: "Umusavyi wanje Namani ndamurungikanye iri kete kugira ngo umuvure umukize imibembe."
7 Umwami wa Isirayeli akirisoma, aca yitabagurirako impuzu, avuga ati: "Mbega jewe nabaye Imana, ko ari yo ifise ububasha bwo kwica no gukiza abantu? Ni kubera iki amundungikiye ngo ndamuvure imibembe? Aha ntashaka aho ankura gusa kugira ngo asubire kudutera?"
8 Wa muntu w’Imana Elisa yumvise ko umwami yitaburiyeko impuzu, aca arungika intumwa kumubaza iti: "Ni kubera iki witaburiyeko impuzu? Ndungikira uwo muntu, azomenya ko muri Isirayeli hari umuvugishwa w’ukuri." 9 Maze Namani afata ifarasi yiwe n’umukogote wayo aragenda, ahagarara imbere y’umuryango w’inzu ya Elisa. 10 Elisa aca arungika intumwa, imubwira iti: "Genda woge muri Yorodani incuro indwi, umubiri wawe uraheza usubire uko wahora, ukire imibembe."
11 Maze Namani aca arashavura, arivumbura, avuga ati: "Namye niyumvira ko aza gusohoka akaza aho ndi, agahamagara izina ry’Uhoraho Imana yiwe, akazungagiza ikiganza hejuru y’aho ngwaye, hanyuma akankiza imibembe. 12 Mbega inzuzi Abana na Farupara z’i Damasiko, si zo nziza kuruta inzuzi zose zo muri Isirayeli? Sinari kuja kuzogamwo ngakira?" Namani aca asubira inyuma ashavuye cane.
13 Abagendanyi biwe baramukurikira, bamubwira bati: "Databuja, iyo uwo muvugishwa akubwira gukora ibikomeye kurusha ivyo ntiwari kubikora? None akubwiye ati: ‘Genda woge urakira,’ ntakubwiye ivyoroshe cane?" 14 Nuko aramanuka, yibira muri Yorodani incuro indwi, nk’uko wa muntu w’Imana yari yamubwiye, umubiri wiwe uca usubira kuba muzima, umera nk’uw’umwana mutoya.