Pular para o conteúdo
Publicidade

Juízes 3

Ehudi

12 Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe, bituma Uhoraho aha umwami Eguloni w’i Mowabu ububasha bwo kuganza Isirayeli. 13 Eguloni akoranya Abamoni n’Abamaleki ngo bamufashe kugwanya Abisirayeli. Nuko barabatera barabanesha, bafata Yeriko, ari co gisagara c’ibigazi. 14 Abisirayeli bakorera Eguloni umwami w’i Mowabu imyaka icumi n’umunani.

15 Abisirayeli basubira kuririra Uhoraho ngo abatabare, na we abahagurukiriza uwundi mucunguzi, ari we Ehudi mwene Gera, yakoresha ibampfu akaba uwo mu muryango wa Benyamini. Abisirayeli bamurungikana ikori kuri Eguloni umwami wa Mowabu. 16 Ehudi yari yaracuze inkota y’ubugi bubiri yangana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe3:16 Ni nk’isantimetero 45., ayibohera kw’itako ry’i buryo, ayambarirako. 17 Nuko ashikanira iryo kori Eguloni umwami wa Mowabu, kandi yari avyibushe cane. 18 Ehudi ahejeje kurimuha, we n’abari baje barizanye baca basubira inyuma. 19 Bashitse i Gilugali aho basengera ibigirwamana vy’ibuye, aca asubira inyuma, abwira umwami ati: "Nyenicubahiro, ndafise ubutumwa bw’ibanga ndakuzaniye." Umwami na we aca abwira abatware biwe bose ati: "Nimudutaramukire tubonane."

20 Nuko Ehudi aramwegera aho yari yicaye wenyene mu cumba co hejuru mu kirimba, amubwira ati: "Ndagufitiye ubutumwa buvuye ku Mana." Wa mwami aca arahaguruka aho yari yicaye, 21 Ehudi na we aramvura ukuboko kwiwe kw’ukubamfu afata ya nkota yari iboheye kw’itako ry’i buryo, ayisogota mu nda y’uwo mwami. 22 N’ikirindi cayo kirinjira, iserukira mu mugongo. Ehudi ntiyayisokora, ibinure vyiwe birayipfuka. 23 Ehudi aca asiga yugariye imbere umuryango w’ico cumba, na we asohokana mu bwiherero.

24 Amaze kugenda, abakozi b’uwo mwami baraza basanga umuryango w’ico cumba wugariye imbere. Ni ko kwibaza ko umwami yoba yari ari kwihagarika. 25 Nuko bararindira, ariko bashika aho bagira amakenga babonye umwami atugurura.

26 Bakirindiriye, Ehudi afata inzira arigira. Aca i ruhande ya ca kibanza basengeramwo ibigirwamana, aja i Seyira. 27 Ashitseyo mu ntara y’imisozi ya Efurayimu, aca avuza inzamba y’intambara. Abisirayeli baca bamanukana na we, aba ari we abarongora.

28 Ababwira ati: "Nimunkurikire, kuko Uhoraho yarekuriye mu maboko yanyu umwansi wanyu ari we Mowabu." Nuko baramukurikira, baramanuka, bafata amajabukiro yose yo kuri Yorodani ava i Mowabu, kugira ngo ntihagire n’umwe ajabuka. 29 Nuko batera Mowabu, bica abantu ibihumbi cumi mu basoda bakomeye kandi b’inguvu, ntihagira n’umwe acika kw’icumu. 30 Uwo musi nyene Mowabu gihinduka intara yigaruriwe na Isirayeli, igihugu cose gica kimara imyaka mirongo umunani kiri mu mahoro.

Veja também