53 Nuuko Yesu arababwira ati, "Ndababwira ukuri yuuko nimutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu, mukanywa n’amaraso ye, nta bugingo muba mufite muri mwe. 54 Abarya umubiri wanje, bakanywa amaraso yanje baba bafite ubugingo buhoraho kandi nzaabazuura ku munsi w’imperuuka. 55 Kuko umubiri wanje ni ibyokurya nyakuri, kandi amaraso yanje ni ibyo kunywa nyakuri. 56 Umuntu weese urya umubiri wanje, akanywa n’amaraso yanje aguma muri nje, nanje nkaguma muri we. 57 Nk’uko Daata uhoraho yantumye, kandi nkaba ndiho ku bwa Daata, ni na ko buri muntu weese urya umubiri wanje azaabaho ku bwanje. 58 Uyu ni umugaati wamanutse mu ijuru, si nk’uwo ba sogokuruza baariiye, kandi bagapfa. Ariko urya uyu mugaati azaabaho iteeka."
Publicidade
Publicidade