41 Eliya abarira Ahabu ati: "Genda ufungure, unywe, kuko ndumva ko imvura nyishi iriko irasuma." 42 Nuko Ahabu aragenda, arafungura, aranywa. Ariko Eliya aduga hejuru ku musozi Karumeli, arapfukama, acurika umutwe mu maguru, arasenga.
43 Abarira umukozi wiwe ati: "Genda utereze amaso hejuru y’ikiyaga."
Wa mukozi aragenda, araraba, aragaruka abarira Eliya ati: "Nta co mbonye."
Eliya amurungika kuraba incuro indwi.
44 Ku ncuro igira indwi, wa mukozi wiwe amubwira ati: "Mbonye agacu gatoya kangana n’ikiganza c’umuntu, kaduga kava ku kiyaga."
Eliya aca amubwira ati: "Irukanga ubwire Ahabu uti: ‘Urira umukogote wawe usubire i muhira imvura itarakubuza gutaha!’ "
45 Muri ako kanya nyene ikirere gitangura kwirabura kubera ibicu, umuyaga urahuhuta, haza imvura y’isegenya. Ahabu aca yirukanga aja i Yezireyeli.