Pular para o conteúdo
Publicidade

1 Samweli 17:4,33,37,40,45,49

4 Maze haza umuhizi mu ntambara yitwa Goliyati, Umufilisitiya yaturuka i Gati, asokoroka mu ngabo z’Abafilisitiya. Yari afise nk’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu17:4 Ni nk’imetero 3. z’uburebure.

33 Sawuli aramwishura ati: "Ntushobora kuja kugwana n’urya Mufilisitiya; kuko uracari muto, ariko we yatanguye kugwana kuva kera akiri muto."

37 Uhoraho yantabaye akankura mu vyara vy’intambwe n’idubu arankura no mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya."

Sawuli abwira Dawidi ati: "Genda, Uhoraho abane nawe."

40 Aca afata inkoni yiwe mu minwe, atora amabuye atanu yiburungushuye ku mugezi, ayashira mu gasaho kiwe k’abungere, ajana n’umugozi wiwe mu minwe, aca agenda atumbereye wa Mufilisitiya.

45 Dawidi na we abwira wa Mufilisitiya ati: "Uje kungwanya witwaje inkota n’icumu n’ikimito, ariko jeho nje kukugwanya mw’izina ry’Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacokoye.

49 Akora muri ka gasaho atoramwo ibuye rimwe, arishira muri wa mugozi, arawuzungagiza, aritera wa Mufilisitiya mu ruhanga. Rya buye ryinjira mu gahanga kiwe, aca agwa hasi yubamye.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.