7 Sawuli abwira abakozi biwe ati: "Nimundonderere umugore ahamagara imizimu, kugira ngo ngende kumusiguza."
Baramubarira bati: "Hariho umwe ari i Eni-Dori."
15 Samweli abwira Sawuli ati: "Ni kuki uriko urangora umpamagara ngo ngaruke?"
Aravuga ati: "Ni uko ndi mu mubabaro mwinshi. Abafilisitiya baranteye, kandi Imana yarampevye. Ntikinyishura, haba biciye mu bavugishwa canke mu nzozi. Ni co gituma naguhamagaye ngo umbwire ico nkwiye gukora."