Elisa avura amazi
19 Umusi umwe, abantu b’i Yeriko babwira Elisa bati: "Databuja, iki gisagara cacu kiri ahantu heza nk’uko nawe uvyibonera, ariko amazi yaco ni mabi, kandi isi yaho na yo ntimera."
20 Elisa arababwira ati: "Nimunzanire agakono gashasha, karimwo umunyu." Nuko barakamuzanira.
21 Nuko aca aja aho ayo mazi yiburuka ava, atererayo wa munyu, avuga ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Aya mazi ndayavuye. Ntazosubira na rimwe kuzana urupfu, canke ngo atere isi ukutamera.’ " 22 Ayo mazi aca aba meza kuva uwo mwanya nk’uko Elisa yabivuze.