Publicidade

1 Reis 3

5 Akiri i Gibeyoni, Uhoraho yiyereka Salomo mw’ijoro ari mu ndoto, aramubwira ati: "Nsaba ico ushaka cose ndakiguha."

6 Salomo arishura ati: "Wagiriye neza cane umusavyi wawe Dawidi ari we data, kuko yakubereye umwizigirwa, akakugororokera n’umutima utunganye. Kandi ukwo kugira neza waragukomeje, gushika aho umuha umuhungu wiwe yicara ku ntebe yiwe y’ubwami uno musi.

7 None rero, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wangize umwami mu kibanza ca data Dawidi. Ariko ndi umwana muto, sinzi uko ndabigenza. 8 Jewe umusavyi wawe ndi hagati mu bantu watoranije, ihanga rinini cane ritoharurika. 9 None rero mpa umutima w’ubwenge, kugira ngo nshobore kurongora ubwoko bwawe no gutandukanya iciza n’ikibi. Mbega none ni nde yoshobora kuganza ubu bwoko bwawe bwinshi bungana gutya?"

10 Imana inezerezwa cane n’uko Salomo ayisavye ikintu nk’ico, 11 maze imubwira iti: "Ko unsavye ivyo, utansavye kuramba canke ubutunzi, canke ngo unsabe kumara abansi bawe, ahubwo ukansaba ubwenge bwo kurongorana ubugorororotsi, 12 nzoguha ivyo unsavye. Nzoguha ubwenge n’umutima w’ubumenyi, ivyo ata wundi muntu n’umwe yigeze aronka imbere yawe, kandi ata n’uwundi azokwigera aronka inyuma yawe.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-