14 Nuko abantu bose bamaze kuzinga amahema yabo kugira ngo bajabuke Yorodani, abaherezi baca barerura Isandugu y’Isezerano, babaja imbere. 15 Ico gihe hari mu gihe c’iyimbura, kandi Yorodani rwari rwarengeye inkombe zarwo. Ariko ba baherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano bamaze guhonyoza ibirenge mu mazi yo ku nkengera y’urwo ruzi, 16 amazi yo haruguru aca arahagarara ntiyasubira gutemba. Yiyegeraniriza hamwe kure y’aho bari, mu gisagara ca Adamu, hafi y’i Zaretani, ayo hepfo na yo abandanya amanuka aja mu kiyaga ca Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu gushika akamye. Nuko abantu baca barajabuka hakurya bashika ahegereye Yeriko. 17 Ico gihe abaherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho bari bahagaze bemye kw’isi yumye hagati muri Yorodani, Abisirayeli na bo bariko barajabuka gushika ihanga ryose rijabutse rica kw’isi yumutse.
Publicidade