27 Bariko baramanuka, bageze aho igisagara kigarukira, Samweli abwira Sawuli ati: "Bwira uwo mukozi wawe atwitangire imbere." Wa mukozi aca akora uko abariwe aragenda. Samweli yongerako ati: "Wewe guma aha akanya gato, kugira ngo nkubwire ubutumwa buvuye ku Mana."
Publicidade