6 Komera kandi shira ubwoba, kuko ari wewe uzojana aba bantu kugira ngo begukire igihugu nasezeraniye ba sekuruza nkabarahira ko nzokibaha.
7 Komere wongere ushire ubwoba. Witwararike kwumvira ivyagezwe vyose umusavyi wanje Mose yaguhaye; ntuzohengamire i buryo canke i bubamfu, ni ho uzoshobora kwama ushika ku ntumbero yawe aho uzoja hose. 9 None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."