Sawuli agirira ishari Dawidi
1 Dawidi ahejeje kuvugana na Sawuli, Yonatani ahuza umutima wiwe n’uwa Dawidi, amukunda nk’uko yikunda. 2 Kuva ico gihe Sawuli aca agumya Dawidi ntiyasubira kumureka ngo asubire iwabo. 3 Maze Yonatani agirana isezerano na Dawidi kuko yamukunda nk’uko yikunda.