Ububi bw’abahungu ba Eli
12 Abahungu ba Eli bari abantu babi; ntibubaha Uhoraho. 13 Hariho ingeso abaherezi bari basigaye bafise y’uko igihe cose umuntu yaza gushikana ikimazi, umukozi w’umuherezi yaca azana icaruzo c’amenyo atatu mu minwe, akaza igihe inyama z’ico kimazi zikiriko ziratogotera ku ziko, 14 agaca yinjiza ca caruzo mu nkono canke mu kintu cose batetsemwo izo nyama, umuherezi agaca atwara izo ico caruzo caruye. Ivyo ni vyo bagirira Abisirayeli bose baza i Shilo. 15 Vyaranashika ko umukozi w’umuherezi aza ibinure vy’ikimazi bitaraturirwa n’umuriro ku gicaniro, akabwira uwariko arashikana ikimazi ati: "Zana inyama zo kwokereza umuherezi; ntashaka izimaze gutekwa, ashaka izikiri mbisi."
16 Iyo uwo muntu yishuye ati: "Reka mbanze nturire ibinure vyazo, hanyuma uheze utware izo ugomba zose," uwo mukozi yaca yishura ati: "Oya zizane ubu nyene; utazizanye naho, ndaziha ku nguvu."
17 Ico caha c’abo bahungu cari kinini cane mu nyonga z’Uhoraho, kuko bakengera ibimazi vyiwe.