Publicidade

1 Samuel 4

2 Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo zose kugira ngo baje gutera Abisirayeli. Intambara irakomera cane, maze Abisirayeli baneshwa n’Abafilisitiya, babicamwo abantu ibihumbi bine ku rugamba. 3 Abasoda bagarutse aho bari bacumbitse, abakuru b’Abisirayeli barabaza bati: "Ni kuki Uhoraho yatumye tuneshwa uwu musi imbere y’Abafilisitiya? Nimuze tuzane Isandugu y’Isezerano yUhoraho iri i Shilo, kugira ngo ajane natwe adukize ukuboko kw’abansi bacu."

4 Nuko abantu batuma intumwa i Shilo, baragenda bazana ya Sandugu y’Isezerano yUhoraho Mushoboravyose, avyagiye ku ntebe y’ubwami hagati y’Abakerubi. Abahungu ba Eli babiri, Hofuni na Finehasi, bari kumwe n’Isandugu y’Isezerano y’Imana.

5 Ya Sandugu y’Isezerano yUhoraho ishitse aho bacumbitse, Abisirayeli bose barahaguruka biha akamo gakomeye kugeza aho isi inyiganyiga. 6 Abafilisitiya bumvise ako kamo, barabazanya bati: "Mbega ako kamo ko mu Baheburayo kavuye ku ki?"

Bamaze kumenya ko ari kubera Isandugu yUhoraho ishitse aho bacumbitse, 7 Abafilisitiya bagira ubwoba. Baravuga bati: "Imana yaje hagati muri bo. Turashize! Nta kintu nk’ico cari bwigere kibaho! 8 Turashize! Ni nde yodukiza ukuboko kw’izo mana zikomeye z’Abisirayeli? Izo ni zo zateje ivyago bikomeye cane Abanyegiputa igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa. 9 Yemwe Bafilisitiya nimushikame! Mube abagabo, atari aho na ho muca muba abagurano b’Abaheburayo, nk’uko na bo bahora ari abagurano bacu. Nimube abagabo, mugwane!"

10 Nuko Abafilisitiya baragwana, hanyuma Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira mw’ihema ryiwe. Abishwe bari benshi cane; uwo musi mu Bisirayeli hapfa abasoda ibihumbi mirongo itatu. 11 Isandugu y’Imana irafatwa, na Hofuni na Finehasi bene Eli barapfa.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-