Pular para o conteúdo
Publicidade

2 Samuel 6

10 Ntiyemera gutwara Isandugu yUhoraho ngo ibe aho asanzwe aba mu Gisagara ca Dawidi, ariko aca ayikebereza mu nzu kwa Obedi-Edomu w’i Gati. 11 Isandugu yUhoraho iguma mu nzu kwa Obedi-Edomu w’i Gati kumara amezi atatu, kandi Uhoraho aramuhezagira hamwe n’abo mu nzu yiwe bose.

12 Maze babarira umwami Dawidi bati: "Uhoraho yarahezagiye abo mu nzu kwa Obedi-Edomu n’ivyo atunze vyose, kubera ya Sandugu yUhoraho." Nuko Dawidi aramanuka aja kudugana iyo Sandugu y’Imana ayikura mu nzu kwa Obedi-Edomu ayijana mu Gisagara ca Dawidi bari mu munezero mwinshi.

Veja também