Dawidi yigarurira i Raba
1 Mu gihe imvura yaba itanguye kugabanuka hakaza ici, ni ho abami bahora baja mu ntambara. Yowabu arongora ingabo, aja gutera igihugu c’Abamoni arakinesha; ariko Dawidi yigumira i Yerusalemu. Yowabu yugariza igisagara c’i Raba arakinesha, agihindura umusaka. 2 Dawidi amaze gushika afata urugori rw’ubwami rwari ku mutwe w’umwami waho, asanga rupima italanto imwe20:2 Ni nk’ibilo 34. y’inzahabu, kandi rwari rusharijwe n’utubuye tw’agaciro, baca barwambika Dawidi. Atwara iminyago myinshi akuye muri ico gisagara, 3 atwara n’abantu bo muri ico gisagara, abashingira ibikebere, bamwe baba abasatura imbaho, abandi bagakoresha amasipiri n’incabiti. Dawidi abigenza atyo mu bisagara vyose vy’Abamoni. Hanyuma Dawidi n’ingabo zose basubira i Yerusalemu.
Intambara z’Abafilisitiya
4 Hanyuma y’ivyo, havyuka intambara hagati y’Abisirayeli n’Abafilisitiya, ibera ahitwa Gezeri. Muri ico gihe Sibekayi Umuhushati yica Sipayi, umwe mu bakomoka ku Barefayimu, kandi Abafilisitiya baraneshwa.
5 Mu yindi ntambara bagwana n’Abafilisitiya, Eluhanani mwene Yayiro yica Lahimi umuvukanyi wa Goliyati w’i Gati, uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’umuhini.
6 Kandi mu yindi ntambara yabereye i Gati, hari umugabo munini cane yari afise intoke zitandatu ku kiganza cose n’amano atandatu ku kirenge cose; vyose hamwe vyari mirongo ibiri na bine. Na we nyene yakomoka kuri Rafa. 7 Atanguye gucokora Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeya, yavukana na Dawidi, aramwica.
8 Abo bari abakomoka kuri Rafa w’i Gati, kandi bishwe na Dawidi n’abantu biwe.