Pular para o conteúdo
Publicidade

1 Samweli 1

22 Hana ntiyashoboye kujana na bo. Nuko abwira umugabo wiwe ati: "Uwu muhungu niyacuka, nzomujana ndamushikanire Uhoraho, na we azoba imbere y’Uhoraho ibihe vyose."

23 Elukana umugabo wiwe aramubwira ati: "Uze ukore ikizokubera ciza. Guma ngaha gushika umucukije; kimwe gusa Uhoraho ashitse ijambo ryiwe." Nuko uwo mugore aguma i muhira arera umuhungu wiwe gushika aho yamucukirije.

24 Amaze kumucutsa, ajana wa muhungu, naho yari akiri muto, n’ishuri imaze imyaka itatu, n’ifu ingana n’ingero efa1:24 Ni nk’ibilo 16. n’umukuza w’umuvinyu, amujana mu nzu yUhoraho i Shilo.

Veja também