11 Sawuli atuma abantu kwa Dawidi ngo bamuryamire maze bamwice mu gitondo bukeye. Ariko Mikali muka Dawidi aramuburira ati: "Niyo utahunga iri joro, ejo mu gitondo uzokwicwa." 12 Nuko Mikali acisha Dawidi mw’idirisha, aratoroka arahunga. 13 Maze Mikali afata ikigirwamana c’umuryango akirambika ku buriri, agipfukisha impuzu agishirako ubwoya bw’impene ku mutwe.
14 Sawuli atumye ba bantu ngo bafate Dawidi, Mikali aravuga ati: "Aragwaye."
15 Nuko Sawuli arongera arabatuma ngo basubire kuraba Dawidi ababwira ati: "Mumunzanire ari ku buriri aryamyeko kugira ngo ndamwice." 16 Ariko ba bantu binjiye, basangamwo ca kigirwamana, ku mutwe hariko ubwoya bw’impene.
17 Sawuli abwira Mikali ati: "Ni kuki wampenze nk’uko ugatuma umwansi wanje ancika agahunga?"
Mikali aramubwira ati: "Yambwiye ati: ‘Reka ngende. Ni iki cotuma nkwica?’ "
18 Dawidi amaze guhunga aca aja kwa Samweli i Rama amubwira ivyo Sawuli yamugiriye vyose. Maze baca baja i Nayoti bagumayo.