Isengesho rya Hana
1 Maze Hana asenga Uhoraho avuga ati:
"Umutima wanje unezererewe Uhoraho;
Uhoraho we wangize uwukomeye.
Ubu ndafise ico nishura abansi banje,
kuko nezerejwe n’ugutabara kwawe.
2 Nta wera nk’Uhoraho;
nta wundi yoboneka i ruhande yawe;
nta Gitandara gihwanye n’Imana yacu.
3 Nimureke kuvugana ubwibone,
iminwa yanyu ntivuge ivyo kwishira hejuru,
kuko Uhoraho ari Imana izi vyose,
kandi ni yo ipima ibikorwa vyose ku munzane.
4 Imiheto y’abagwanyi iravunaguritse,
ariko abahoze ari abanyantegenke bambitswe inkomezi.
5 Abari bafise ivyuzuye, babaye abacangero, bakorera ivyo barya
kandi abahora bashonje, bashize inzara.
Uwahora yitwa ingumba, avyaye abana indwi,
ariko uwari afise abahungu benshi arakabiranye.
6 Uhoraho ni we atuma umuntu apfa kandi ni we atuma abaho;
ni we amanura bamwe i kuzimu, abandi akabakurayo.
7 Uhoraho ni we atuma bamwe bakena, kandi ni we atuma abandi batunga;
ni we acisha bugufi bamwe, agashira hejuru abandi.
8 Akura umugorwa mu mukungugu,
ashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu;
akamwicarikana n’abakomeye,
akamuha intebe y’icubahiro.
Kuko imfatiro z’isi ari iz’Uhoraho;
Kandi kuri zo ni ho yashinze isi.
9 Ni we azozigama ibirenge vy’abamukorera mu bwizigirwa,
ariko abanyakibi bazokamanganira mu mwijima.
Inkomezi z’umuntu si zo zituma anesha;
10 abagwanya Uhoraho bazocika ubunywenywe.
Iyisumbavyose izobaturagarirako iri mw’ijuru;
Uhoraho azocira urubanza impera z’isi.
Azoha inkomezi umwami yimitse
kandi yongere inkomezi uwo yimikishije amavuta."