10 Nuko bakora uko nyene. Bafata za nka baziboherako wa mukogote baca basubiza inyana zazo mu ruhongore. 11 Bashira ya Sandugu y’Uhoraho ku mukogote hamwe na ka gasandugu karimwo za mbeba zicuzwe mu nzahabu na vya bimenyetso vy’ibihute. 12 Nuko za nka zigenda zerekeye i Beti-Shemeshi, zitumbereye inzira kandi zigenda zabira inzira yose; ntizahindukira i buryo canke i bubamfu. Abatware b’Abafilisitiya barazikurikira gushika zigeze ku rubibe rw’i Beti-Shemeshi.
13 Abantu b’i Beti-Shemeshi bariko barimbura ingano mu kiyaya, bunamutse babona ya Sandugu y’Uhoraho, banezerezwa cane no kuyibona. 14 Uwo mukogote uraza ushika mu murima wa Yosuwa w’i Beti-Shemeshi, uhagararaho i ruhande y’igitandara kinini. Abantu baca basatagura ibiti bigize wa mukogote baca batanga za nka kw’ikimazi co guturirwa bagishikanira Uhoraho. 15 Abalewi bururutsa ya Sandugu y’Uhoraho, na ka gasandugu karimwo vya bintu bicuzwe mu nzahabu, babirambika kuri ca gitandara kinini. Kuri uwo musi abantu b’i Beti-Shemeshi bashikanira Uhoraho amashikanwa aturiwe n’ibimazi.