10 Umugore w’imico myiza yova hehe?
Asumba utubuye tw’agaciro.
11 Umugabo wiwe aramwizigira cane,
kandi nta c’agaciro amuburana.
12 Azanira ivyiza umugabo, atari ibibi,
imisi yose yo kubaho kwiwe.
13 Atoranya ubwoya bw’intama n’ipampa,
akajisha impuzu n’amaboko yiwe anezerewe.
14 Ameze nk’ubwato bw’umudandaza,
azana ivyokurya abikuye kure.
15 Avyuka bugihwibiriye;
akaronderera indya umuryango,
akaronderera n’incoreke ziwe.
16 Abona itongo akarishima, maze akarigura;
maze mu biva mu vyo akora, ahatera uruzabibu.
17 Agira umwete mwinshi mu vyo akora,
amaboko yiwe ayaha kurema.
18 Aramenya ko urudandazwa rwiwe rutera ruja imbere,
kandi itara ryiwe ntirizima mw’ijoro.
19 Amaboko yiwe atunganya ubwoya bw’intama,
intoke ziwe zikajisha impuzu
20 Apfumbaturura ibiganza agafasha aboro,
akaramvurira amaboko gufasha abakene.