Pular para o conteúdo
Publicidade

1 Samuel 1

10 Hana asenga Uhoraho n’umubabaro mwinshi wo mu mutima ararira cane. 11 Asezerana isezerano, avuga ati: "Yewe Uhoraho Mushoboravyose, niwaraba amagorwa yanje umusavyikazi wawe ukanyibuka, ntiwibagire umusavyikazi wawe ukampa umwana w’umuhungu, nanje nzomushikanira Uhoraho mu misi y’ukubaho kwiwe kwose, kandi nta rwembe ruzokwigera rumugera ku mutwe."

12 Uko yashishikara gusenga Uhoraho, ni ko Eli yamuraba ku munwa. 13 Hana yasengera ku mutima, kandi agakubita iminwa naho ijwi ryiwe ritumvikana. Eli we yibaza ko yaborewe, 14 aca aramubwira ati: "Uzogeza ryari kwama uborewe? Heba uwo muvinyu wawe."

15 Hana aramwishura ati: "Oyaye nyakwubahwa, si ko biri, ndi umugore afise ingorane nyinshi. Sinanyoye umuvinyu canke ikindi kiboreza na kimwe, nariko ndasuka umubabaro wo mu mutima wanje imbere yUhoraho. 16 Ntiwibaze ko umusavyikazi wawe ndi umugore w’umunyangesombi, nariko ndasenga kubera umubabaro n’agahinda biri muri jewe."

17 Eli aramwishura ati: "Niwigire amahoro, Imana y’Abisirayeli ikwishure iguhe ico wayisavye."

18 Na we aravuga ati: "Icompa umusavyikazi wawe nkagirirwa ubuntu imbere yawe." Nuko aca ava aho hantu, arafungura, maze mu maso hiwe ntihasubira kwiraburanirwa.

19 Mu gitondo ca kare baravyuka basenga Uhoraho hanyuma basubira iwabo i Rama. Elukana aryamana n’umugore wiwe Hana, maze Uhoraho aramwibuka. 20 Nuko Hana asama inda avyara umuhungu amwita Samweli, avuga ati: "Kuko namusavye Uhoraho."Uhoraho

Veja também