24 Ajisha imitamana yera derere akayigurisha,
akaronkera imikenyezo abadandaza.
25 Yambaye inkomezi n’icubahiro
ategekanya kazoza mu munezero.
26 Avugana ubwenge,
kandi impanuro z’ubwizigirwa ziri mu kanwa kiwe.
27 Yitaho ibikorwa vy’umugabo wiwe,
kandi ntarya ivyo atabiriye akuya.