25 Yambaye inkomezi n’icubahiro
ategekanya kazoza mu munezero.
26 Avugana ubwenge,
kandi impanuro z’ubwizigirwa ziri mu kanwa kiwe.
27 Yitaho ibikorwa vy’umugabo wiwe,
kandi ntarya ivyo atabiriye akuya.
28 Abana biwe bose baramushimagiza,
umugabo wiwe akamushima avuga ati:
29 "Hari abagore benshi bakora ivyiza,
ariko bose urabaruta."
30 Kugira uburanga gusa birahenda, kandi ubwiza bwo ku rukoba nta co bumaze.
Ariko umugore yubaha Uhoraho azoshimwa.