10 Hana asenga Uhoraho n’umubabaro mwinshi wo mu mutima ararira cane. 11 Asezerana isezerano, avuga ati: "Yewe Uhoraho Mushoboravyose, niwaraba amagorwa yanje umusavyikazi wawe ukanyibuka, ntiwibagire umusavyikazi wawe ukampa umwana w’umuhungu, nanje nzomushikanira Uhoraho mu misi y’ukubaho kwiwe kwose, kandi nta rwembe ruzokwigera rumugera ku mutwe."