8 Uze wigire kure uwo mugore,
ntuze wegere n’umuryango w’inzu yiwe,
9 kugira ngo ntiwiyake icubahiro cawe ngo ugihe abandi,
imyaka y’ubuzima bwawe ukayiha ruburakigongwe.
10 Abantu utazi ntibabe ari bo barya ubutunzi bwawe,
ngo ivyo wabiriye akuya bitungishe inzu y’uwundi muntu.
11 Mu misi yawe ya nyuma uzoboroga,
umubiri wawe umaze kuba akaheze.
12 Uzovuga uti: "Ese ingene nanse gutozwa indero!
Ese ukuntu nirengagije ukugabishwa!
13 Vyangendeye gute ngo sinumvire abigisha banje,
canke ngo ntege amatwi abarezi banje?
14 Ehe ngeze aho umwansi ashaka bidatevye,
maramariye imbere y’ikoraniro ry’abantu."